Entertainmenthomepage

John kay mu vyamuzanye harimwo guteza Imbere Impano zinyegeje

John kay n’umurundi akina amareresi asanzwe aba mu mahanga muri Reta zunzubumwe za Amerika,mu ndoto ziwe ngo harimwo no kubona abarundi bateye Imbere muvyo gukina mareresi.

Imbere yuko asubira inyuma hari ihiganwa agiye gutegura habonetse uwuzoritahukana.

Igenekerezo rya 30 Ruheshi 2023 niho yakirwa ku kibuga c’indege n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru, ibikorwa aje gukorera mu gihugu c’amavukiro azogenda abimenyesha buke buke, yamara ngo hariho abantu 4 atarashima kuvuga abaribo agiye gukorana nabo b’abanyabuhinga.

Nayo kubafise Impano azotanga numéro ya téléphone uwubikunze afate vidéo ariko arakina arungike habe gutora uwayikoze neza, nayo uwuzogira amahirwe agasumvya abandi azoheza afatwe mu mugongo na John kay ubwiwe.

Musomyi mwiza kubwawe amareresi y’abarundi habuzi kugira abayakina baronke amafaranga afadika?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722