IKIRUNDI_news

#k_Muco uri mu mahanga  bisaba gukora cane 

Muri 2018 niho aheruka guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Uburundi akaba azwi kw’izina rya K Muco amazina yahawe n’abavyeyi ni Nsengiyumva Isaka, akaba abarizwa muri American mu gisagara citwa Saint Louis Missouri.

Muri 2014 niho yatanguye kuririmba akaba afise indirimbo hafi 14, nayo igihe azogaruka mu Burundi ntaco aramenya kubera icokiza( Corona ) cugarije isi yose,  yipfuza ko uyu mwaka utorangira atara garuka mu gihugu c ‘amavukiro.

Abajijwe ko gukora umuziki ari mu mahanga vyob bimworohera agira ati:”Ntivyoroshe, ingorane usanga duhura nazo ni uko  usanga bisaba dukore cane kugira izina risohoke , mu Burundi usanga batatuzi kandi no muri America ntibatumenye, rero ntaho dufise ho guhagararira mu bikogwa, so mu Burundi ntibavyorosha kubera bica bisaba turondera ama radio tv.”

 

Muco akaba yamenyesheje ko bishasha bitabuze ko  ariko arabitunganya ngo turindire tuzobibona kuko akunda ibikorwa abr arivyo vyivugira.

Akanahamagarira abaza kubona inkuru yiwe kuri indundi Magazine babandanye bamukurikirana amazina akoresha ku mbuga z’ubuhinga ngurukana bumenyi zose ko ari K muco yongeye arashimira indundi kuko yitaho abaririmvyi na cane cane abari muri Diaspora.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037