Agriculturehomepage

Kabezi: Abarimyi bahisemwo kurya imbuto kubera ubukoko

Bamwe mubarimyi bo muri komine Kabezi yo mu ntara ya Bujumbura basaba gushigikirwa mukuronswa imbuto kuko bemeza ko muri kino gihe c’irima imbuto zizimvye abandi nabo bakaba batashoboye kuzibika kubera ubukoko bwateye muri iyo Komine .Ubuyobozi mu ntara buraba ivy’uburimyi busaba abarimyi gukoresha uburyo bugezweho mukurwanya ubwo bukoko.

Muri ico gice c’intara ya Bujumbura haheze igihe havugwa ubukoko bwateye imirima gushika n’aho abarimyi batagishobora kubika umwimbu bahora bakuramwo imbuto.

Bamwe bavuga ko bahisemwo kuja barihereza ivyo bimbuye gushika aho bihera kuko bitagikunda ko babibika bivuye ku bukoko bwabatoteje. Bati :”Ntitwobura vyose kuko ata miti yo gupompa ubwo bukoko ikiboneka.”

Ubu rero bamwe bamenyesha ko batarabona iyo bazokura imbuto. Ku bagurisha iyitatewe n’ubukoko, irazimvye.

Nk’ikiro c’ibiharage cagurwa hagati y’igihumbi n’amajana atanu (1500) n’ibihumbi bibiri (2000) ku mwaka uheze mugihe c’agatasi, ubu kiri hagati y’ibihumbi bine (4000) n’ibihumbi bitanu (5000) y’amafaranga y”amarundi.

Ab’amikoro abayabaye basaba ko Reta yohashikana imbuto zizimbutse kandi zitarwaye.

Ubuyobozi bujejwe uburimyi muriyo ntara buremeza ko muri ico ibiterwa vyatewe n’udukoko, bituma n’ukubika imbuto bitoroha.

Uwuramutswa ico gisata Daniel Mazarahisha ahamagarira abantu kubika ibibonetse mu mifuko irimwo umuti bita PICS canke kubikana umwimbu bimbuye umuti bita ACTARM, ibitizerwa n’abarimyi n’aho ico gisata nyene cemeza Ko inyigisho zizoguma zitangwa n’abafundi b’indimo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671