BurundiEntertainmentkirundimusic

Igipfungu cinshi kw’ibura rya Big Fizzo mu giteramo ca The Ben

Ibura rya Big Fizzo mu giteramo co Kuri uwu w’Imana, igenekerezo rya 1/10, ryateje uruhagarara, kuko hataramenyekana neza neza, igituma uwo muririmvyi atabashije kuririmba muri ico giteramo cari catumiwemwo abaririmvyi batari bake.

Amakuru atangwa akaba atandukanye, ayava muba nya Kigali, ayatangwa na Fatakumavuta, akaba avuga ko igituma ari kubera Big Fizzo yashatse kuririmba inyuma ya The Ben, ariko mu kiganiro yakoranye na Chita imbere y’ibiteramo, akaba yamenyesheje ko The Ben ariwe azoririmba ubwa nyuma, kuko ariwe nyene igiteramo.

Amakuru ava i Bujumbura, atangwa na Edisson Ndayahoze, biboneka ko bayaze, avuga ko igituma ataririmvye ari kubera atabashije kurihwa amafaranga yiwe yose bari bumvikanye, ngo ari naco gituma atabashije kuririmba.

Ibi bikaba vyabaye ku musi w’Imana, ariko ku musi wa gatandatu akaba yarabashije kuririmba iminota 5, kuko nkuko The Ben yabishikirije,nkuko kandi  tubikesha Jimbere Magazine, ngo ntiwari umusi w’igiteramo, ahubwo wari umusi wo gusangira no kuramukanya.

Ibibandanya kuvugwa na Edisson Ndayahoze, nuko na Sat-b, nawe nyene atabashije guhabwa agahembo kiwe gakwiye, kuko muri Meet and Great yabereye Eden Garden, ngo niho bari guhabwa akandi kabahasha kari kasigaye ariko ntibabasha kukabona.

Big Fizzo mu kiyago yagiranye na Edisson, yamenyesheje ko ivy’uko Sat-B yabashije kuririmba uwo musi, ngo we ntibimuraba kuko we atari gushobora kuririmba atarakwirizwa, Kandi barihishije kumuryango.

Aha mukamenya ko hari Video ya Big Fizzo yakwirakwijwe n’abafana bavuga ko icabajanye mu giteramo Atari The Ben ahubwo ari Big FIzzo gusa. Ibi bikaba vyaciye bishimangira ivyari bigize imisi bivugwa na Fata kumavuta, ko Big Fizzo ashobora kutaririmba Kuri uwo musi, hamwe nuko The Ben atari bushobore kuririmba wenyene i Bujumbura.

Kuba bishoboka naho ata cemezo tubifitiye, nuko abanyamahanga barimwo The Ben, Babou, Bushari, DJ wa Diamond Platnumz bobo barishwe imbere yuko baza I Bujumbura, gutyo Big Fizzo na Sat-B bakaba aribo barindirizwa kurihwa ayo ku muryango.

Ubu rero hakibazwa agateka katewe Big Fizzo na Sat-B co kimwe n’abandi baririmvyi b’abarundi bashigikiye ico giteramo iyi Kari, kuko imishara yabo, itabashije gusohoka.

Ikindi hakaba hibazwa nimba Now Now Company nayo ije I Bujumbura kwinjira mu bikorwa vyo gutegura ibiteramo, kuko ubuhinga buriko burakoreshwa, bukaba busa n’ubw’abariko bariga gutegura ibiteramo nkivyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 582