IKIRUNDI_news

Karangamuntu yabujije umunezero umuririmvyikazi Rihanna

Mu gihe bimwe mu bihugu izi saha babarizwa muri za guma mu rugo, abandi ukwiryohera mu butambiro bitakibaho, muri Leta zunze ubumwe za amerika ho ukuja mu butambiro ntibiri ikibazo gikomeye gose, ariko bamwe bakaba batarekuriwe kwinjira.

Robyn Rihanna Fenty benshi bazi nka Rihanna, yarankiwe kwinjira mu butambiro buri I New York aho yari yashimye kuja kuryohererwa kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23/6, arikumwe n’umukunzi wiwe ASAP Rocky.

Imvo n’imvano y’ukwankirwa kwinjira muri ubwo butambiro, ngo nuko ata kimuranga yari yagendanye naho ari icamamare abantu bose bakunda. Ivyo yabibwiwe n’umwe muri bamwe bahagarara ku muryango baraba ko abinjira bakwije ibisabwa.

Amashusho y’uwo muririmvyi yankirwa kwinjira akaba yakwiragiye ahantu hose ku mbuga ngurukanabumenyi haba muri Amerika mbere no mu bindi bihugu.

Mwomenya ko naho ubutambiro bwuguruye muri ako gace k’isi, ico gihugu muri rusangi kikibandanya guhangana n’ingaruka za Corona Virus, ariko kandi n’ico kiza kuko kikibandanya gusasika inganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037