Inkino

Karim Nizigiyimana abarizwa muri Bukavu Dawa

 

Inyuma yo kuva mu mugwi Wazito Fc wo mu gihugu ca Kenya agaca amara umwanya munini adakina , uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Nizigiyimana Karim muri kino gihe abarizwa mu mugwi Bukavu Dawa wo mu gihugu ca Repubirika iharanira domokaraisi ya Congo.

Nizigiyimana Karim akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi uri mu gisagara ca Bukavu muri Congo mu kiringo c’amezi atarenga abiri gusa kugira ace araba ingene yokwerekeza mu wundi mugwi umeze neza.

Akaba agiye kuwukinira inkino zitarenga kuri 8 nk’uko twabishikirijwe n’uwo mukinyi nyene yahoze ari Kizigenza w’intamba mu rugamba.

Karim akaba yarakiniye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba imyaka ishika kuri 15 , yakiniye imigwi ya APR Fc yo mu gihugu c’urwanda , Kiyovu Sports , Gormahia wo muri kenya hamwe na Wazito Fc.

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037