homepagesociete

kayanza :Haribonekeza ubukene bw’ibingorongoro vya 50 n’inoti z’ijana

Ubwo bukene bwibonekeza mu ntara ya Kayanza n’ubw’inoti 100 hamwe n’ibiceri vy’amafaranga mirongo itanu .Ababa ngaho bakavuga ko imirimo bakora na cane cane  iyibafatiye akamaro nk’urudandazwa iriko irahungabana bikaba ngombwa ko  hokoreshwa amafaranga ava ku noti y’amajana atanu,no kuduga .

Abanyagihugu bagasaba ko ibanki nkuru y’igihungu  yosohora k’ubwinshi bene ayo mafaranga matomato kugira boroherwe mu bikogwa vyabo vy’urudandaza,  bakavuga ko iryo kena ry’ibiceri vy’amafaranga 50 n’inoti z’ijana rimaze igihe kitari gito ryibonekeza mw’irangurwa ry’imirimo itandukanye isaba ikoreshwa ry’amafaranga matomato nko mu gihe abantu baguze ikintu runaka bakoresheje inoti zikuze nk’iza (500)canke (1000),mu gihe umudandaza ategerezwa kumusubiza mu noti z’ijana jana canke ibiceri vya mirongo itanu.

Iyo  bishitse hagati y’umudandaza n’umuguzi hakavamwo uwubura amafaranga nk’ijana canke mirongo itanu haca  havamwo umwe ahebera uwundi,aho hakaba n’imyidogo ko havamwo uruhombo mubikorwa vyabo,ivyo kandi biranibonekeza no mu bidandazwa  bitobito aho mu gihe izo noti zari  zikiboneka .

Mwisoko nkuru ya kayanza hari nk’Imboga z’amashu zagurishwa amafaranga amajana atatu canke amajana indwi,ariko  kubera ico kibazo ,ubu amashu agurishwa amafaranga amajana atanu canke igihumbi.

Ibiciro vyo hagati na hagati bigenda birahebwa ,ivyo bigashika no kubabikuza amafaranga y’ama lumicash aho nk’uwubikuza bishika agaheba ibiceri canke inoti y’ijana iyo uwo  ayabikujeko asanze atayo afise .Iyo bishitse na ho nk’inoti z’ijana zikaboneka ,ziba zarashaje cane zimeze nk’imishambara .Ivyo rero bigatera amakenga abanyagihungu aho hari n’abibaza ko Reta yoba iri mu gukura ayo mafaranga mu gihungu na rirya nko muri kino gihe ata bintu vyinshi bikigurwa ku mafaranga ari musi y’ijana .

Abanyagihugu muriyo ntara ya kayanza bagasaba ko ibanki nkuru ry’igihugu  yotanga umuco kuri ico kibazo ,mu gihe na ho yoba ariho agashirwa mu gihugu  imirimo  ikabandanya irangurwa ata ngorane.

Ibanki nkuru y’igihugu nayo imenyesha ko ico kibazo yarisanzwe ikizi kandi ko ayo mafaranga yayatumyeko.

Inkuru yanditswe na Jean Nahimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687