IKIRUNDI_news

Kent-p ngo Miss Erica yigira Intama kandi ari ibingira mu rusato rw’intama

Ya nduru yaraye ikomwe na Miss Erica ko Kent-p amugeramiye mu kumunyaga utwiwe, yumvikanye kuko bamwe mu bari muri Empire Avenue nabo bahavuye batangura gutera imyampi itari mike.

Mu vyiriwe biraboneka, Kent-p nawe yemeye ko umwanya ugeze azoshira ahabona ivyiwe kuri ico kibazo gishikirizwa n’uwo mwigeme afatwa nk’ipfumvyi ariko ngo ari intama yiyambitse urukoba rw’ibingira, nkuko Kent-p yabandanije abishikiriza ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye asanzwe akoresha.

Uwo musahirizi w’abari muri Empire Avenue akaba ataco ashikiriza ku kivugwa yaba ku mahera canke imbuga ngurukanabumenyi yagirizwa kwiba. Ahubwo yamenyesheje ko ata wokwiha akamenya ku mbuga ngurukanabumenyi kubera ivyo ashikiriza, ariko akavuga ko abantu nibamara kumumenya neza uwo mwigeme ngo bazotangara.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi yagirizwa Kent-p kumutwara imbuga ngurukanabumenyi zimwe zimwe nka facebook na Youtube co kimwe na Twitter, ubu akaba afise urubuga rwa Instagram. Ikindi amwagiriza n’amafaranga 2000$ yari yahawe na We Ent, yovuyemwo indirimbo hamwe n’amashusho yazo, kugira bikunde asubire kandi gukora ukuri kwamya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037