IKIRUNDI_news

Khailla y’ipfuza iterambere ry’abaririmvyikazi

Kevine Keza niyo mazina yahawe n’abavyeyi akaba ariko araza mumwuga wokuririmba.

Kuva 2021 niho yasohora indirimbo yiwe ya mbere igaragara kurubuga rwiwe rwa youtube izwi kw’izina rya “alright” izina akoresha mu muziki ni Khailla, asanzwe anavukana n’umuririmvyikazi akunda umudiho wa Rap ariwe B Kobra.

Khailla yasubiriye kuduha irindi sango azosohorera indirimbo yiwe igira kabiri, ni kw’igenekerezo rya 16 mukakaro 2021 izoba igiye kumugaragaro izina ni “Jewe nawe”

Igihe yariko arayaga n’uruganda rwa Indundi twamubajije ico yoba yijeje abagiye kumukurikirana na rirya ari mushasha mu mwuga nawe ati: «Ndabijeje ko natanguye kandi nzobandanya gushika aho abaririmvyikazi tuzogira ijambo…ndabicishije mu muziki.»

Twarangije tumushimira kandi tumwipfuriza gushika ku vyipfuzo vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037