IKIRUNDI_news

Kidum arashima kubona basubijwe ku kivi

J Pierre Nimbona, iyo uvuze Kidum kibido no muri Afrika baca bamutahura vuba.

Ni umuririmvyi w’ umurundi, ariko muri Kenya bakemeza kwari umuririmvyi wabo, ibigaragara ko bamukunda kubera impano yiwe yo kuririmba na cane cane music live Band arikumwe na Bodaboda Band.

Mu makuru yacu twarababwiye ko habaye gushamirana n’umurimvyi mugenzi we Natacha aho hatabaye gutahurana neza ku majambo Kidum yakoresheje avuga ati:” Namba abaririmvyi turi Imbwa.”Uwundi nawe akagira ati:” Iyo wiyise Imbwa bagufata nk’imbwa nyene.” uwo ni Natacha.

Kidumu we akabisigura ko bitari bitahuritse kubona abandi bose babandanya bakora, abaririmvyi gusa akaba aribo bahagarikije gusa ngo n’agasuzuguro.
Aho hari mugihe ibiteramo vyari vyahagarikijwe ku mvo zo kwikingira ikiza ca (Corona virus).

Mu gihe bimaze biboneka ko akazi gasa nk’akatanguye ivyo abaririmvyi bishimira, Kidum ntiyasigaye inyuma mu kugaragaza umunezero wiwe
aho anashimira abaza kubashigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036