IKIRUNDI_news

Kidum ngo nta kibazo afitanye na Natacha, ahubwo abahanuzi biwe nibo batamwerekwa

Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum aho yari umutumire mu Kiganiro umukubito, yavuze ko we na Natacha ata kibazo bafitanye, ariko ko ivyo yamuvuze atabeshe na gato, akamusaba ahubwo guca bugufi kugira bikunde abandanye yicire inzira.

Muri ico kiganiro Umukubito gisanzwe gica ku nsamirizi Colombe Fm, uwo muririmvyi Kidum yabajiwe nimba hari ikibazo abifatanye n’umuririmvyikazi Natacha, yavuze ko ata gihari, kuko banakomoka muri zone imwe ya Kinama, ariko akizera ko abantu bamwegereye basanzwe bafise umutima mubi kuri Kidum aribo bamuhanura nabi.

Uwo muririmvyi abarizwa mu gihugu ca Kenya yagarutse ku majambo uwo muririmvyikazi yashikirije ku rubuga rwa Instagram rw’uwahoze ari umumenyeshamakuru wa Rema Fm, Ismail Niyonkuru aho yaciye umugani ngo abatanganya amatako batotera hamwe. Yagize ati : “Inyishu n’imwe gusa abatanganya amatako ntibota hamwe gusa imbwa ziriyizi kandi umaze kwiyita uko umwe wese araguhamagara uko nyene … ”

Kidum yavuze ko we na Natacha ata na hamwe bangana, ngo mu mice yose aramuruta, yaba mu myaka, yaba mu bunini nta na hamwe banganya, aramusumba cane. Ahubwo akamuhanura kutabandanya amutuka, ahubwo agaca bugufi akaraba abamukikuje, kuko igihe kizogera akibuka ko hari ijambo Kidum yari yaramubwiye

Kidum yagiriyeko muri ico kiganiro atanga akarorero k’umwana avuza ingoma akikijwe n’ibihangange mu kuzivuza, bamukomera amashi menshi, ariko bidasigura ko akomeye birenze urugero, ahubwo ngo baba bashaka kumutera intege gusa, nayahandi abahambaye baba basanzwe bazwi.

Mu majambo afobetse, Kidum yanamenyesheje ko Natacha amafaranga babona akoresha ngo atari ay’akura muri uwo muziki, ariko ngo n’amafaranga ahabwa n’umugabo, mu gihe we ikintu cose mubona akoze, amafaranga akoresha ngo aba avuye mu muziki, ngo ntiyigeze aronka amahigwe yo kuronka uwumuha amafaranga ya gusa.

Kidum akaba mu majambo ahinyitse yavuze ko natacha ashobora kuba atuma abaririmvyi bamwe bamwe batavuzwa mu ma radio atandukanye akoresheje uburyo bw’amafaranga. Ubwo nabwo kubwa Kidum ngo bukaba ari ubujuju kuko abantu badaheza ngo babone aho bagushira. Akaba yanagiriyeko amuhanura kubiheba, noneho akemera ko n’abandi babaho kuko muri uno muziki ngo ikintu kiza imbere y’ibindi n’ukwicisha bugufi.

Kidum yagize ati : “Ivy’imiziki bisaba ko umuntu yicisha bugufi, Ego mama ufise amahera menshi, ushobora gushira abamenyeshamakuru ku mufuko, ntibisigura yuko wabaye Leta. Oya, ahubwo reka bakubone mu bandi uriko uhiganwa n’abandi, uvyemere ko n’abandi bahari… Utegerezwa kwama uriko uraba n’abandi, kugirango umuntu yumve Ingabire zitandukanye kuri uyu n’uriya, niho bazoca bamenya ikibanza baguha. Ariko wipfuza ko bose bagwa hasi, uzibira utwabo ntituvuzwe kwi radio, ngo uriko ukoresha inguvu zawe, ubwo n’ubujuju.”

Mwomenya ko Intandaro y’uguterana amajambo kwahitiye hagati ya Kidum na Natacha vyaturutse ku majambo Nimbona yanditse ku rubuga rwa Facebook aho yanditse avuga ati :“Abaririmvyi turi imbwa kabisa ataco zimaze. Corona yoyo umengo yaje ihiga twebwe kabisa.” Ayo majambo akaba atakiriwe neza kuko bamwe babona ko uwo muririmvyi yabarengeye akarimbi mu kubita intozo, ariko we akaba asigura ko abantu batahuye nabi ubutumwa yatanze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037