homepage

Kidum ngo yamye ari intwari mu bibazo vya Politique yamye asukwamo

 Kidum ngo yama buri gihe agwa mu mporera iyo hari ibibazo vya Politique mu Burundi, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Kaka Boney ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Ku rubuga rwa facebook, Kaka Boney uno musi abarizwa muri Leta zunze ubumwe za amerika yagize ico avuga ku bigize imisi biba kuri Kidum aho bamwe bamwibasiye bagasaba n’abandi kutitaba igiteramo yari yateguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Uwo muririmvyi basa n’abari mu runganwe rumwe kandi bazinanye, ubona ko banakomoka hamwe,  yavuze ko Kidum mu mwaka wa 2002 yigeze guterwa amabuye n’abanya Kinama co kimwe n’abanya Kamenge. Uwo akaba yagirizwa ko yitabiriye igiteramo citiriwe Amahoro cari categuwe n’intwaro ya Petero Buyoya.

Uwo muririmvyi avuga ko Kidum inyishu yamwishuye aho yamubaza kuvyariko bivurwa muri izo zone 2 zo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, Kinama na Kamenge, ngo yaramuryoheye cane. Uwo muririmvyi akaba ngo yaciye amubwira ko atahura cane ko bashavuye, ariko we ataco bimutwaye kuko uwariko ategura ivy’amahoro kuri we ngo niwe yashaka kujana nawe, bamwemera canke batamwemera.

“Kaka Boney ndavyumva yuko babaye ariko jewe umuntu ategura ikintu cose kijanye n’amahoro bamwemera batamwemera nzoba ndikumwe nawe.”

Kidum ntiyamugarukirije aho kuko yamubwiye ko abashamiranye ngo ijambo Amahoro riragoye cane kuribo, ariko iyo batanguye kuvuga ayo mahoro ngo izuba riba ritanguye kurasa. Kaka Boney akavuga ko amubwiye ayo majambo ngo yaciye amerereza.   

“Amahoro n’ijambo rigoye kubashamiranye ariko iyo batanguye bonyene KUYAVUGA, izuba riba ritanguye kurasa.” 

Abariko bagira ico abashikiriza kuri Kidum siwe gusa kuko n’abandi babandanya, aho tukavuga nka Mucowintore Boris Evrard nawe atariye umunwa mu kuvuga ko Kidum kuba yaragiye I Burundi agahagarara hampande ya HE Petero Nkurunziza agafata urumuri rw’amahoro ngo n’uburenganzira bwiwe. Akaba yongeyeko ko ico kidatuma ahagarika kuba umu Fan wiwe.

“Nimbona Jean Pierre Kidum nimba yarafashe Flambeau ari kumwe na President Nkurunziza ni choix yiwe, ntibisigura ko nca ndeka kuba umu fans wiwe. Abarundi ntituri Tolerant na gato, Abarundi tuzokira bigoranye.”

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma yaho hari abarundi basavye abandi kutitabira igiteramo ca Kidum cabereye I Kigali kuri uyu wa 21 kigarama kuko ngo ashigikiye leta ya Bujumbura. Nawe ashitse I Kigali akaba yavuze ko uwabikoze amuzi, ngo uwo  muntu  yarafise umugambi w’ukuvyegeka kuri leta ya Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686