IKIRUNDI_news

Kidum yasabwe kuba Umuhuza mu bibazo biri hagati y’Uburundi n’Urwanda  

Abarundi barayamaze ngo ingoma yagukanze, irahuma ugahunga, kandi ngo umugabo ntatinya ishamba atinya ico barihuriyemwo, Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum mu myaka yaheze yarigeze kugerageza gushira mu bikorwa akazi kiwe k’ubuvugizi asanzwe akora acishije mu kuririmba, mu kwinjira mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe biciye mu gasandugu k’itora, ariko ntivyamuhira.

S’ico gusa, Kidum mu myaka iheze, yari mu barundi bashobora kugira ico bashikirije ku makuru ya Politique, agatanga iciyumviro ciwe, ibitashimisha bamwe aho vyanamuviriyemwo ibibazo bitari bike nk’ukubura abarorerezi rimwe mu giteramo yari yakoreye mu gihugu ca Australie.

Ivyo vyamubayeko, n’amajambo atari make harimwo n’uguhabwa isumu vyigeze kumubako, vyoba arivyo vyamuhinduye bigatuma atagishobora kugira ico ashikirije muri Politique canke ntabe akiyiha ni rwere? Biragoye kwemeza, ariko ikizwi co nuko uwo muririmvyi yamaze gushikiriza ko ubu atagishaka kuvuga ivya Politique.

Ayo majambo, uwo muririmvyi abarizwa mu gihugu ca Kenya muri kino gihe kuko ariyo asanzwe yisumamwo, yayashikirije mu kiganiro “AllySoudy On Air” gisanzwe kiba buri wa gatandatu n’uwa mungu ku rubuga rwa Instagram rw’umumenyeshamakuru w’umunyarwanda abarizwa muri Leta zunze ubumwe za amerika.

Muri ico kiyago camaze umwanya utari muto, kidum yagarutse ku bitari bike, kuko yabibajijwe n’abariko bakurikirana ico kiganiro barenga 200. Abo bakaba baba bavuye mu barenga ibihumbi 300 babakurikirana, uteranije abakurikirana Ally Soudy co kimwe n’abakurikirana Kidum.

Umwe mu bagize ico bashikiriza, yasavye Kidum ko yoba umuhuza mu bibazo Uburundi bufitanye n’Urwanda. Uwo muririmvyi yisabiye kwigumira mu muziki kuko ngo agifise abana bato agishaka kurera. Uwo mumenyeshamakuru yamubajije igituma asa n’uwutinya Politique mu gihe ngo yigeze kuba amubwira ko yamye ashaka kuba umunyepolitique, kidum yishuye ko azogira ubugenzi n’abadandaza kuko niyakena bazomugurana, ngo muri Politique ntibakopesha. Bamubajije ico bahuriyeyo, yavuze ko muri Politique impande zose ngo ziragwaye.

Kidum akaba abishikirije inyuma yaho Big Fizzo nawe nyene aheruka guhakana ko ata mugambi afise wo kuja muri Politique, we akaba yavuga ko ata n’indoto yigeze agira zo kwinjira muri Politique, mu gihe Kidum we wumva yigeze kwumva muriwe ko yoba umunyepolitique.

Mwomenya ko Kidum yigeze kubangira gukorera ibiteramo muri ivyo bihugu 2, inyuma y’amajambo yavugiwe ku mbuga ngurukanabumenyi amwagiriza kwegamira uruhande rumwe muzari zishamiranye. Kidum akaba yamenyesha ko abaye abangira, ko azosubira agahengwe kabonetse. Ivyo kandi vyabaye mu gihe vyavuzwe cane ko Kidum yankiwe kuja mu gihugu c’Urwanda kwitabira igiteramo yari yahamagawemwo, JazzJunction, cari gisanzwe kiba buri gihe imbere yuko iki kiza kibahinduza umukenyuro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037