IKIRUNDI_news

Kidum yasavye Mista Champagne kwiga ikirundi

Ijambo umurundi riraciye ibintu ku mbuga ngurukanabumenyi z’umuririmvyi Mista Champagne inyuma yaho bamusagiririje ngo asubire iwabo muri Congo kuko atari umurundi. Abatari bake bakaba bataretse kumushigikira aho bavuga ko kugira ubwenegihugu bubiri atari ikibazo ubwaco.

Mu Kiganiro Kidum yashikirije ku mboneshakure ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi Leza Tv, bagarutse kuri uwo muririmvyi yavukiye muri Congo ariko uno musi abarizwa han iwacu, aho ariko arakora ibikora inka ngo umuziki ndundi utere imbere.

Kidum yashimiye Mista Champagne kuba akora ibishoboka vyose ngo amenyekanishe umuziki ndundi, ariko akamusaba ko akwiye kwiga ikirundi kugira binakorwe mu Kirundi. Akaba abivuga yisunze ko uwugiye muri amerika yiga icongereza, eka nawe amaze kuja muri Kenya ngo yafashe ingingo yo kwiga igiswahiri.

Kubwa Kidum ngo kuvuga ikirundi neza siwo muti, kuko ata wuzopfa avuze igiswahiri neza nk’abakenya canke abatanzania, ariko ngo nubwo yoba amakosa akavugwa mu rurimi rw’ikirundi.

Ku rubuga rwa Instagram rwa Mista Champagne akaba nawe yabashije agace k’ico kiganiro, ariko ashirako ako avuga ko asanzwe ari umufana wiwe akomeye, ariko ivy’ukwiga ururimi rw’ikirundi avyigiza ku ruhande.

Mwomenya ko Mista Champagne ngo afise umugambi wo kuja gukorana na Kidum indirimbo nkuko yari yabimenyesheje mu kiganiro yakoze na Mzazi umumenyeshamakuru wa Citizen radio mu kiganiro Mseto East Africa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036