East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Kigali yemeje Ambassadeur mushasha w’ubufaransa

Inyuma y’imyaka 6 Ubufaransa butagira uwubuserukira mu gihugu kibanyi c’Urwanda, Antoine Anfré yemejwe nka Ambassadeur w’ubufaransa mu Rwanda mu nama nshikiranganji yateranye kuri uyu wa 12/6 I Kigali.  

Uwo mugabo yahora akora mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’ubufaransa n’amakungu, amaze igihe kitari gito akorera Leta y’ubufaransa mu bibanza bitandukanye, kuko yigeze no guserukira Ubufaransa muri Niger.

Amb. Antoine akaba azoba abaye umuserukizi w’ubufaransa mu Rwanda wa 17 abonetse muri ico gihugu. Uwa mbere akaba yari Jean-Marc Barbey, nayo uwaheruka akaba yari Michel Flech, akaba yarangije ikiringo ciwe mu mwaka wa 2015.

Uwo muserukizi mushasha w’Ubufaransa mu Rwanda akaba yamenyekanye inyuma y’urugendo rw’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel macron, I Kigali. Urwo rugendo rukaba rwerekanye umubano uriko uraba mwiza hagati y’ivyo bihugu uko ari 2, inyuma y’imyaka itari mike bataraba ryiza.

Bimwe mu vyamwa vy’Urwo rugendo rwa Macron I Kigali, n’iyugururwa ry’Ikigo ndangakaranga c’abafaransa, cari kimaze igihe kidakora.

Mwomenya ko gushika kuri uyu wa gatandatu ku muhingamo, ubuserukizi bw’ubufaransa I Kigali bwabazwa Charge des Affaires Jérémie Blin.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688