IKIRUNDI_news

Kigali yemeje irimwa n’idandazwa ry’urumogi

Urumogi ni kimwe mu biyayuramutwe isi ifise kandi igwanya bikomeye mu mice itandukanye y’isi, ariko ibindi bihugu navyo bikaba vyaramaze gufata iya mbere, bitangura kururima no kurudandaza ku mugaragaro kuko uretse amafaranga y’umurengera rwinjiriza ivyo bihugu, rukorwamwo n’imiti ifasha abantu benshi.

Urwanda narwo kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28/6 rubaye igihugu c’7 muri Afrika cemeje kurima n’ukudandaza ico giterwa. Ariko nkuko ikinyamakuru Igihe kibishikiriza, ibisabwa ngo baguhe uruhusha rwo kurima ico giterwa ngo biremeye nk’amabuye.

Ico gihugu kikaba cari caragerageje kwemerera irimwa n’idandazwa ry’ico giterwa mu mwaka wa 2017, ariko babanza kubihagarika kugira habanze higwe neza amabwirizwa yoherekeza irimwa ry’urumogi kugira abazohabwa uruhusha ntibaze barukoreshe mu buryo butaribwo.

Mu bizosabwa uwushaka kururima n’ugucungera ikibanza ruzoba rurimwemwo bikomeye, bakaba bazosabwa gushiraho ahacungera amasaha 24, gushiraho ama Camera, gushiraho iminara izofasha abazohacunga, gushiraho impome (Cloture) 2 zitandukanye, hamwe n’ibindi vyinshi.

Ikindi camenyeshejwe n’uko ico giterwa kigiye gukoreshwa nk’umuti, ariko ku bantu bazoba bahawe ububasha n’abaganga b’inzobere, ariko kandi akaba azoba ari ku mvo z’ubugwara gusa.

Mwomenya ko amategeko muri ico gihugu ku banywa n’abadandaza urumogi akomeye cane, kuko uwudandaza ashobora gufungwa ubuzima bwiwe bwose, nayo uwurunywa akaba ashobora gucibwa imyaka itari musi ya 20 y’igifungo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037