IKIRUNDI_news

Kigingi agiye gukorera Comedie I Kigali

Mu migambi Mugenzi Alfred Aubin afise ngo harimwo gukora igiteramo I Kigali mu gihe kitari ica kera gose. Ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yagiranye na Isimbi Tv.

Muri ico kiganiro, uwo mukinyi yavuze ko afise umugambi wo gukora igiteramo gitandukanye n’ibisanzwe bikunzwe gukorwa I Kigali, aho avuga ko we ivyo yipfuza n’uko umuntu asanzwe nawe yoronka akaryo ko kwinjira muri ico giteramo, ibidakunze gushoboka mu biteramo bibera I Kigali.

Kigingi muri ico kiganiro, yavuze ko abo bazokorana ngo ari abagenzi biwe ariko kandi n’aba Comedian b’abanyarwanda b’abagenzi biwe. Ariko ngo intumbero s’iyo kwinjiza amafaranga, ariko ngo n’iy’ukunywana.

Kigingi muri ico kiganiro ntiyatomoye neza ryari agiteganya, ariko ngo ni vuba kuko yizera ko ibihe bigeye kumera neza.

Mwomenya ko Kigingi abishikirije mu gihe amaze igihe adakora ibiteramo hano iwacu kubw’imvo zitandukanye zirimwo n’iza Corona, ariko kandi akabishikiriza mu gihe n’I Kigali naho ibiteramo bitaremererwa gukora neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037