IKIRUNDI_news

Kigingi ngo abatwara amashirahamwe b’abarundi nibikangure

Muri ino misi abaririmvyi, na bamwe batwenza, bagize imisi bahabwa ubuzi bwo kumenyekanisha amashirahamwe atandukanye. Muri uno mwaka abaririmvyi bashika 3 bakaba bahawe ako kazi, noneho ubu na Kigingi yahawe ikibanza.

Kigingi ngo amashirahamwe ariko aratora abaririmvyi canke abandi bamenyekanye hano iwacu ngo bayamenyekanishirize ibintu, usanga ari ay’abanyamahanga, canke ari ayo beneyo babaye hanze.

Iyo ngendo yo gushigikirwa Kigingi akaba avuga ko yarikwiye kubandanya kugira n’ayandi mashirahamwe y’abarundi nayo abonereho akaryo, abone ko umurundi amenyekanye ashobora kumenyekanisha ibintu kandi bikagurwa cane.

Ivyo kigingi akaba yabishikirije inyuma y’ugushirira umukono ku masezerano y’ukumenyekanisha rimwe mu mashirahamwe yo gutiga (Beating) hano iwacu Melbet, aho avuga ko ribaye irya mbere ahabwa ako kazi, ariko ko ikiringo arico gihindutse, kuko yahora ahabwa amasezerano y’igihe gito.

Mwomenya ko ayo masezerano aje inyuma yo gutangura ikiganiro ciwe bwite co gutwenza, Kigingi Live Show, noneho giciye ku mbuga za Youtube na Facebook vyiwe bwite. Ariko kikaba cari catanguriye kuri Akeza aho cari kimaze kuba imisi iharurwa ku ntoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037