IKIRUNDI_news

Kigingi ngo abitegurira ibiteramo, ni bareke kwama bateze amashi

Igiteramo ca Kigingi Summer Comedy cari categuwe na Mugenzi Alfred Aubin benshi bazi nka Kigingi ng’uno mwaka bari bihagazeko ntibagira uwo barondera muri ya mashirahamwe akomakomeye bahora bikorako ngo agire ico abaterereye.

Mu kiyago na Landry Promoter, uwo mukinyi w’amareresi atwenza, yavuze ko amashirahamwe yarakwiye kumenya agaciro k’abakinyi, bakamenya ko babaha ikibanza ciwe kugira bamenyekanishe ibikorwa vyabo.

Muri ico kiganiro nyene, kigingi ahanura bagenziwe b’abanyabuhinga kwibako bakamenya kwitegurira hakiri kare ibikorwa baba bafise, bareke kwizera amashirahamwe rimwe na rimwe batakwitaho mu gihe ubituye.

Kigingi ntiyaretse kuvuga ko mu misi iza aya mashirahamwe y’abarundi batipfuza gukorana n’ababanyabuhinga, ngo bazogera kwikangura bitagikunda ko bakorana na bamwe bamwe kuko bazoba bageze ku rundi rwego. Aho agatanga akarorero k’amabanke y’abarundi yasa n’ayasinziriye imbere yuko amabanki y’abanyamahanga nka KCB ashika hano iwacu.

Kigingi akaba yabaye akarorero keza k’ico gikorwa co kwisuganya wenyene, kuko we ngo uno mwaka naho ataronse akaryo ko gukora igiteramo ca Kigingi Summer Comedy, ngo hako arondera abamushigikira, ahubwo nibo bamurondeye ngo baronkemwo ikibanza co kumenyekanisha ibikorwa vyabo.

Mwomenya ko igiteramo ca Kigingi Summer Comedy cahagaritswe co kimwe n’ibindi bitandukanye ku mvo z’ukwirinda gukwirakwira kw’ikiza ca Corona Virus, kuko biri mu bikorwa bihuza abantu vyahagaritswe n’ubushikiranganji bw’intaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ry’amakomine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036