Entertainmenthomepage

Kingorongoro ku ncuro yambere Album arayishikanye

Magic kingorongoro n’umuririmvyi yamenyekanye mu mudiho wa Rap, amaze imyaka itari mike akorera mu muziki w’Uburundi, amaze gusohora indirimbo nyinshi ariko ntiyari bwasohobore gusohora urukurikirane rwazo (album).

Indirimbo Magic yaheruka gusohora yitwa Love in the Sky .

Mu biganiro yagenda arakora hirya no hino ku nsamirizi zitandukanye yarashimira cane Cristal Event itegurwa na Dj paulin biboneka ko yamufashije kuko n’indirimbo ifise amasanam meza yanagarutse muri album yiwe

Mur’ico kiyago nyene yaravuga ko agiye kurekura Album yiwe vuba none iryavuzwe ryatashe , uretse KO Kingorongora yaramaze kuyisangiza abakunzi biwe ku mbuga zidandaza umuziki zitandukanye, Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2023 niho iyo album yayishize kuri Youtube.
Album igizwe n’indirimbo 14 nizindi zinyongera (bonus)zibiri harizo yakoranye n’abandi baririmvyi nka Big Fizzo,T max,Mr champagne,ka Kelly,Dauphin dankala,Chris and junior,Masterland,Pablo tiken, Inès Raguel.
Mu ndirimbo zigera kuri 16 izigera kuri 7 nizo Magic yaririmvye ariwenyene
Mwomenya ko muri izondirimbo hari izari zaramaze gusohoka .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722