Entertainmenthomepage

Kirikou akili yahinduye umukenyuro kuvya ya Ndirimbo

Muribuka Kirikou Akili avuga ko Indirimbo Inzoga n’ibebi ikwije Views 1,000,000 azoca asohora igikorwa gishasha? Ubu umukenyuro wahindutse, ubu naho hagezweho ivy’ama Stage y’ishure.

Mu gihe Kirikou yaheruka gushikiriza ko Indirimbo nshasha yiwe iri mu nzira, ko ico arindiriye ar’uko Indirimbo bakoranye na Double Jay na Bruce Melodie, Inzoga n’ibebi, ikwiza Views 1,000,000 Kuri YouTube none ngo ace ayisohora, ubu naho havuzwe ibindi.
Uwo muririmvyi ari mu batanguye uwu mwuga bakiri ku ntebe y’ishure, yabwiye ikimenyeshamakuru aKeza ko igitebeje Indirimbo yiwe atari za Views yavuga imbere.

Uwo musore yahora mu minwe ya Big Fizzo ariko ubu be na mugenziwe basigaye bikorera ivyabo, yavuze ko ubu ariko yirukanga mu bijanye n’ama Stage arangiza amashure yiwe yisumbuye, arico gituma atariko arabasha gushira ahabona ico gikorwa gishasha.
Uwo muririmvyi yavuze ko ico barindiriye ari uko ivyo bikorwa bibanza guhera, agaca asohora ico gikorwa yemeza ko camaze guheza gutegurwa kirindiriye gusohoka.
Ntihavuzwe ryari iyo Stage izoherera, ariko ya Ndirimbo yari yavuzwe ko ariyo itebeje ishirwa ahabona ry’indirimbo yiwe nshasha, ikaba igeze ku bayikurikirana bagera ku 887,000 mu mezi ariko arababa 4.
Naho hataramenyekana vyinshi Kuri iyo ndirimbo, ikimaze kuvugwa co nuko iyo ndirimbo izoba ari iyiwe wenyene, atari Collabo azoba akoranye n”uwundi muntu. Ico kikaba kitaheruka, kuko hari hariko harakwira hafi imyaka 2 adasohoye Indirimbo yiwe bwite.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722