IKIRUNDI_news

Kirikou Akili yavuze ico yibaza ku baririmvyi batamuherekeje gusezera umuvyeyi wiwe

Niyonkuru Youssuf Akbar benshi bazi nka Kirikou Akili, ngo aratahura neza cane ko urupfu ari ikintu gitegerezwa gushika, kandi ari ikintu dukwiye kuza turashimira Imana. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabiganiriye mugenzi wacu kaboss mu kiganiro Hangout. 

Muri ico kiyago cabo, bagarutse ku muvyeyi wa Akbar amaze umwaka asezeye isi y’abazima, agataha. Kirikou yavuze ko ikintu atazigera yibagira yigishijwe n’uwo muvyeyi ngo kwari kubana neza n’abantu, ugushima, n’ukwizera Imana.

“Urukundo no kubana n’abantu. Mama Wanje akaba yarondera kumbwira yuko kubana n’abantu ari ukwigira ikijuju. N’ukwemera vyose ivyo umuntu agukorera, kubera yuko buri muntu wese afise ukwari, ugutahura buri wese ukwari, tugatahurana. Kw’isi nta wumeze nk’uwundi, tugomba kuvyakira nkuko nyene. Je ndi umuntu akunda gushima buri muntu wese aba yaramfashije, eeeh, no kwizera Imana.”

Muri ico kiyago nyene, Kirikou yabajijwe ico yibajije abaririmvyi bagenziwe batamuherekeje gusezera umuvyeyi wiwe. Uwo muririmvyi yishuye ko uwabuze umuvyeyi ari Niyonkuru Youssuf Akbar atari Kirikou, kandi ngo abo baririmvyi bahuriye kuri Kirikou apana kuri Niyonkuru Youssuf Akbar,  kuriwe ngo ntaco vyari bitwaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037