IKIRUNDI_news

Kirikou ngo abamwagiriza umwana n’abashaka kumucafuza

Abantu ngo bazana ibinyoma biteze kumucafuza, n’ukumwankisha abantu, ngo nibacire birarura. Ivyo nibishikirizwa na Kirikou Akili ubwiwe mu kiganiro yagiranye na mugenzi wacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko abavuga ko yoba afise umwana, ngo sivyo, ariko ngo nubwo vyoba arivyo nta caha kirimwo kuko n’abatari abiwe canke babe bafise ico bapfana arabakunda.

Yagize Ati : ” ivyo bintu sivyo, Kandi nubwo vyoba arivyo ntabwo ari icaha. n’abantu benshi babikora mu ntumbero ngira yo kuncafuza, muga nibaza ko bariko barihenda, umwana ntabwo ari icaha. ”

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko uwo mugore bamwagiriza yoba yarateye iyo nda atanamuzi.

Ivyo bikaba vyavuzwe mu gihe uwo muririmvyi yaheruka mu bibazo bitamworoheye vyari bijanye n’ukwiyubaka naho abo muri Bantu Bwoy bavuga ko yari Buzz kuko bari bafise ibikorwa bashaka kwerekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036