IKIRUNDI_news

Kirikou yabanje gushimira abamubaye hafi

Kirikou ngo imbere yuko asubira kandi gutangura akazi kiwe k’umuziki inyuma y’ugukinjura muri Bantu Bwoy yashimye kubanza kwanza gushimira abafana b’umuryango wiwe muri rusangi utamutereranye. 

Ukwo gushima kw’uwo muririmvyi akaba yagucishije mu butumwa yasangije abamukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Ubwo butumwa bukaba buje inyuma y’ugutangura Challenge y’indirimbo yiwe nshasha yise Biraharawe, nayo hakaba hataramenyekana ryari izoshirwa ahabona, eka mbere nimba izoza ari Audio canke n’amasanamu bizojana navyo biracari ibanga.

Mwomenya ko imyaka itari mike uwo muririmvyi yaramaze muri Bantu Bwoy indirimbo yashize ahabona ziri ku gatwe kiwe ziharurwa ku ntoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037