IKIRUNDI_news

Kirikou yawuciye ngo “Ubureta ntibuzokwibagize uwo mwabanye mu mbeho”

Kirikou yarawuciye ati ubureta ntibukwibagize abo mwarikumwe mu Mbeho, uwo mugani nawe ubwiwe arawukurikiza kuko ibarabara yavuyemwo haraheze imisi, yarigumijemwo ukuguru kuko akatari gake aboneka ariko agarukira kubari mu magorwa yahonjeje nawe.

Uwo mwanditsi wa Binua, My Story, Washa canke Soma Number mu kiganiro aheruka guha imboneshakure ya Jimbere Magazine yagarutse ku buzima bw’abana bo mw’ibarabara uburyo butoroshe, ariko kandi  avuga ko hari inguvu zitari nke zikiri mw’ibarabara zofasha kugira igihugu cacu gitere imbere gusumba.

Muri ico kiganiro yanagize ibakwe ryo kugira ubutumwa bukomeye arungikira umukuru w’igihugu cacu, S.E Evariste Ndayishimiriye, aho yamusavye ibitari bike birimwo gushiraho amashure y’imyuga ku bana bo mw’ibarabara.

foto ishobora kuba ari Kirikou akili arikumwe na Channy Queen co kimwe na R Flow

Yagize ati : “Nomusaba kuzana amashure y’imyuga ku bana bo mw’ibarabara, gushigikira, gukura no gufasha abo bana bo mw’ibarabara, kubera ko abarundi dufise ahantu twipfuza ko igihugu cacu kigera, ariko harihi inguvu nyinshi ziri mw’ibarabara zodufasha kukigeza aho dushaka ko kigera.  Jewe nahoze mba mw’ibarabara, ariko uyu musi ndi ngaha ndiko ndavugira abo bana, hari uwundi nasize mw’ibarabara afise ico yokora kugira igihugu cacu kigere aho dushaka ko gishika”.

Muri ubwo butumwa uwo muririmvyi yaramenyesheje ko ashaka abamufata mu mugongo ngo arabe ko itongo umuvyeyi wiwe aheruka gusezera isi y’abazima yamusigiye yoryubakamwo ikigo c’impfuvyi. Kubwiwe ngo nubwo hojamwo icumba kimwe gusa kikakira umwe gusa akava mu buzima bubi bwo kwitwa Ikidoma nkuko yabivuze mu gicuba yanditse yise IKIDOMA, ngo vyomuhimbara cane.

Yagize ati :Nkaba mfise n’agatondo nasigiwe na mama wanje, nipfuza kuronka abantu banshigikira  kugashiramwo ikigo c’impfuvyi. Vyoba vyiza ndonse abamfata ukuboko,  kuko jewe jenyene sinovyishoboza. Nubwo hojamwo icumba kimwe nkabona  harimwo umwana umwe wo mw’ibarabara yavuyeyo kubera jewe ayirimwo nobiryohererwa.”

Uwo muririmvyi ataho arishikana nkuko nawe nyene avyiyemerera, ntivyamuteye kubona ko ata buryo afise bwo gufashisha bamwe mubo bahoranye mu magorwa. Kuko muri bike aronka yahisemwo gufatira bamwe mubo babana mw’ibarabara inzu kugira baronke aho bikinga imbeho.

Mwomenya ko amazina y’ukuri ya Kirikou Akili ari  Niyonkuru Youssuf Akbar. Akaba abarizwa mu minwe ya Label ya Big Fizzo, aho yaronkeye uburyo bwo gukorera umuziki wiwe wari wubitswe umubehe n’ubuzima buzura inzara yarabayemwo mw’ibarabara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037