Énergiehomepage

Kirundo : Ubukene bw’umuyagankuba burahanze abakoresha imashi zisya

Ubukene bw’umuyankankuba w’ishirahamwe Regideso burabangamiye abasanzwe bakoresha imashini zisya k’umurwa mukuru w’intara ya Kirundo .Umukuru w’igihugu arahumuriza ko gushika mu mwaka wa 2025,imirwa mikuru y’amakomine yose agize igihugu azoba afise umuyagankuba .

Uyo mwitwarariko w’abasanzwe bakoresha imashini zisya k’umurwa mukuru w’intara ya Kirundo uhagaze k’ubukene bw’umuyagankuba,utuma badakora amasaha yose bisanzuye .Aha bakanegura ko hari naho bategekwa  n’abakozi b’ishirahamwe  Regideso kuja barakurakuranwa mu gukora kuko ngo hamwe bakirije rimwe ayo mamashine asya vyotuma icuma kijejwe gusabikanya umuyangankuba citwa transformateur coca gisha.

Ukwo gutanga umuyagankuba kandi ngo Abo kubangamira si abasanzwe bakora akazi ko gusya n’imashini gusa kuko n’abakora imirimo itandukanye canke abasanzwe baba ngaho n’abo batoroherwa.

N’ubwo biruko, umukuru w’igihugu wewe yemeza ko hari uterere tugera kuri 74 tumeze kuronswa umuyagankuba mu ntara ya Kirundo.

Umukuru w’igihugu agahumuriza avuga ko mu mwaka wa 2025 ata komine n’imwe itazoba ifise umuyagankuba.

Mu kiganiro c’abashikiranganji bagize Reta cabereye mu ntara ya Makamba mu mpere z’ukwezi kwa 6 uno mwaka, umushikirangaji w’amasoko ntanganguvu yari yavuze ko hari ibikorwa bigiye kwihutishwa kugira umuyagankuba uva k’urugomero rwa Rusumo force ushirwe mu muhora w’igihugu gutyo ahatari hake haronswe umuyagankuba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 689