BurundiDevelopmenthomepageIKIRUNDI_news

Komine Makebuko| “Uwukize akiza aho avuka” Bishikirizwa na Thaddée Nyandwi

Umugwi w’abagenzi ba komine Makebuko mu ntara ya Gitega baterereye imifuko mirongo indwi y’isima izofasha mu kwubaka ikibuga ca kijambere kiriko cubakwa muri iyo komine.

Uwo mugwi w’abagenzi ba komine Makebuko  bava mu ntara zitandukanye  bari barongowe n’imvukira ya komine Makebuko Thaddée Nyandwi  arongoye ihinguriro ry’ibinyobwa Bragita riri i Gitega, akavuga ko yarondeye abagenzi bamufasha guteza imbere komine kuko uwukize aca akiza aho avuka.

Thaddée Nyandwi avuga ko afise umugambi wo gutanguza imigambi myishi izotuma abenegihugu biteza imbere mu gisata c’uburimyi n’ubworozi hamwe n’ubudandaji, ivyo rero bikazotuma habaho gushigikira Reta Nkozi, Reta Mvyeyi kuko hariho abazoronka akazi abandi baronke aho bashora ivyo barima.

Ibikorwa ku kibuga ca Makebuko uno wa gatandatu vyaranzwe n’ukwegereza ibikoresho ahariko hubakwa ubwugamo bwa mbere, bikaba vyari bigizwe n’ukwegereza amabuye, gucanka igaraviye hamwe no gukura ivu ku benegihugu.

Abo bagenzi ba komine Makebuko bakaba barangije ibikorwa bashikiriza akabahasha bari bitwaje kagizwe n’amahera azogura isima ingana n’imifuko mirongo indwi, kakaba kashikirijwe uwurongoye inama mpanuzwajambo ya komine Makebuko arikumwe n’uwurongoye Komine Makebuko nabo kurundi ruhande bakengurukiye iyo mvukira Thaddée Nyandwi kukungene  aterera mw’iterambere ryiyo komine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721