homepage

Kubwa Big Zoe abakoze nabi ntibohanishwa ibihano bisanzwe

Barigume ntabona kumwe n’abandi ikibazo c’igihano cohabwa umuntu yakoze nabi, kuko mu gihe abandi bavuga ko bakwiye guhanwa we abona kubabarira buri gihe.

Barigume benshi bazi nka Big Zoe avuga ko urukundo nyarwo rudapimirwa Ku bantu bawe, ku bana base, canke Ku ncuti zawe, ahubwo ngo rupimirwa kuri urya muntu ari ntaho mfatwa.

Barigume muri Video yashize ahabona kuri uyu wa 22/1, ikomoka mu kiganiro yakoreye Ku mboneshakure y’igihugu mu mwaka wa 2018, aboneka anavuga ko urukundo ari ugutora ibara ryera mu kibanza cirabura tsikiri.

Regis asanzwe akora umudiho wa Hip Hop, ntanabo kumwe n’abandi uburyo abantu bokosora ababagiriye nabi, kuko we yishimikije bibiriya, avuga ko igihano nyaco umuntu yotanga ari imbabazi.

Zoe akaba atatamvye yirorera kuko n’abandi babashije kuyiraba kuri urwo rubuga bagize ico bavuga. Bamwe barimwo aba DJ bakomeye hano iwacu bavuga ko nka hamwe habonetse 1% c’abarundi bafise uwo mutima ngo Uburundi bwoheza bugatera imbere cane.

Mwomenya ko Regis ari umwe mu basore bakora umudiho wa Hip Hop mu kuririmbira Imana, ibidahurizwako na benshi. Akaba kandi mu batemera ko umuntu yarakwiye guhimbaza Imana gusa kandi hariho n’ibindi bibazo bihanze igihugu umuntu yoririmba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686