IKIRUNDI_news

Kubwa Boris Evrard ngo Landy promoter arakwiye gutera iyindi ntambwe mw’iterambere

Landry Promoter ngo uno musi aho ageze ntiyarakwiye kuguma ku rubuga rwa Youtube gusa, ariko yarakwiye no kuba afise urubuga (Website) rwiwe ashirako amakuru aba yakoze kuri urwo rubuga rwa Youtube. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Boris Evrard Mucowintore kuri Live ya Landry Promoter, aho yariko aganira n’abafana biwe.

Muri iyo Live, Boris akaba yamenyesheje ko afatanije n’abandi barundi baba muri Canada basanzwe bakunda Landry ngo nta nkeka bashobora kuzomushigikira muri urwo rugendo, bakanamuronderera abashobora kwandika mu zindi ndimi nk’icongereza n’izindi.

Landry muri ico kiyago yariko agirana na Boris akaba yanaboneyeho akaryo ko kumubwira ko nawe yarasanzwe afise imigambi itari mike iri mu nzira, akaba yamubwiye ko azokenera ubufasha bwiwe muri ivyo bikorwa.

Landry akaba yatanze isango ry’ukwezi kuza ko azoba amaze gushira ahabona imigambi imwe imwe muyo afise cane cane ivyo bari bemeranije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036