IKIRUNDI_news

Kubwa Yoya Jamal ngo abaririmvyi bamwe bamwe vyaranse bavuga ngo ibirago biranyerera

Ab’aho hambere barayamaze ngo uwambaye ikirezi ntabona ko cera, abaririmvyi bariko bakora umuziki muri kino gihe ngo ntibabona ibirezi bambaye bahawe n’iterambere nkuko bishikirizwa na Yoya Jamal. Kubwiwe ngo ivyo abubu barirana n’ivyo igihe ciwe baririra.

Mu gihe tumaze igihe abaririmvyi batari bake bidogera abamenyeshamakuru ngo ntibabafasha kumenyekanisha ibikorwa vyabo, n’umuziki ndundi muri rusangi, abakurikiranira hafi umuziki ndundi nabo bakidoga ko umuziki uriko urakorwa muri ino misi ngo ata kanovera ugira, umwe mu baririmvyi bemewe hano iwacu yatanze umuco.

Amwe mu mashusho aboneka mu ndirimbo SIBO MANA

Mu kiyago yagiranye na Siren Vibe Tv, Yoya Jamal asa n’uwaciye umugani w’ikirundi avuga ngo uwo vyanse avuga ngw’ibirago biranyerera. Kubwiwe ngo ubu hari inzira nyinshi zo kumenyekanisha ibikorwa vy’umuririmvyi, kuko hari n’abamenyekana kandi batanaririmba.

Zimwe muri izo nzira ni nk’uko hari ama radio menshi, n’ibiganiro bitari bike bivuga ku muziki kandi buri musi, bitandukanye n’igihe cabo, nukuvuga mu myaka ya za 2012, aho yaba ama radio co kimwe n’ibiganiro vyaharurwa ku ntoke.

Uwo muririmvyi yanavuze ko ubu hari n’imbugahwaniro (Social Media) zisigaye zaroroheje ibintu, kuko ico gihe utarenza abantu 5000 kuri Facebook, kuko atama Page yari bwaze.

Uwo mwanditsi w’indirimbo “Mot de Pass” yanagarutse kwitandukaniro ry’uburyohe bw’indirimbo z’ubu n’iz’aho hambere, aho yavuze ko kubera ubu imiryango y’inzu z’ubuhinyanyuriro (Studio) zuguruye nk’amasengero, arico gituma bitoroha kuronka indirimbo zikundwa igihe kirekire.

Jamal ntiyaretse kubacira agace aho yavuze ko igihe batangura kwinjira Studio vyasa n’ukwinjiza ingamiya mu jisho ry’urushinge, arico gituma vyasaba kwitonda kugira utware imbere y’uwo muhinyanyuzi ibituma bimeze neza cane.

 

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yagarutse ku bitari bike bijanye n’ubuzima bw’umuziki, anavuga ko vuba cane agiye gushira ahabona indirimbo nshasha zine zizoba zigize EP, izo ndirimbo nyene zikaba zizosohona n’amasanamu yazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037