homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi_actualite

Kuki Mkombozi asigaye akorera ibikorwa vyiwe kenshi muri Tanzania?

Inyuma y’igaruka rya Mkombozi mu gihugu ciwe c’amavukiro, uwo muririmvyi ngo agize igihe aboneka ibikorwa vyiwe abikorera mu gihugu ca Tanzania, ico kibazo abatari bake ngo bafise uwo muririmvyi yagitangiye inyishu.

Mu kiganiro aheruka gukorana na Adijoe umwe mu bamenyeshamakuru ba Indundi Tv, uwo muririmvyi yavuze ko igenda ryiwe muri Tanzania ngo nuko yarahafise ibikorwa ariko ataribwarangize gukora arico gituma yabonetse ajayo cane muri ino misi.

Yagize ati : “ Navuyeyo(Tanzania) hari ibikorwa nasizeyo, muri ico gihe uca uvuga uti reka mbe ndavidura. Then dutangurane n’ibindi.”

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko urugendo rwa nyuma aherukamwo muri Tanzania yarajanywe n’ugukora amasanamu y’indirimbo Love costs Love kuko amajwi yoyo yarasanzwe ahari.

Mukamenya ko uwo muririmvyi  yanatanguye gukora ibiteramo ahantu hatandukanye, ubu akaba yimirije ikizobera I Makamba iwabo, aho kwinjira azoba ari amafaranga 2000 ahasanzwe, akaba ngo yari yipfuje ko abinjira binjira ku buntu ariko bikaba bitashobotse kuko ngo abatanga ama Sponsors batabashije kuboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671