BurundiFinanceshomepageIKIRUNDI_news

Kurabira hamwe uko amafaranga ya Reta ariko arakoreshwa ni kimwe mu vyabakoranije

Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Mukakaro 2021 hatangujwe i Gitega ku murwa mukuru wa poritike umwihwezo w’abagize Reta y’Uburundi.

Uwo mwiherero uzomara imisi ibiri w’abagize Reta y’Uburundi watangujwe na Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi.

Mu gutanguza uwo mwihwezo Perezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko mu bitegekanijwe kurabira hamwe ahanini ari ukuraba ingene Reta yokoresha neza amaherara yategekanijwe gukoresha muri uyu mwaka w’2021 ushira uw’2022 mu kurangura neza imigambi  y’abenegihugu.

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesha ko yashimishijwe n’ukuntu abagize Reta arongoye bashoboye gutororokanya imigambi bipfuza ko yorangurwa muri uyu mwaka bakanayishikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira ngo iyemeze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717