IKIRUNDI_news

kuri Statue ya Big Fizzo habonetse Alvin Smith habura Double Jay

Mu gihe havugwa icuka kitari ciza hagati ya Big Fizzo n’abahoze muri Bantu Bwoy aribo Double Jay na Kirikou, naho iyo mice yose uko ari ibiri yariciye ikarimira, ikama ivuga ko ata kibazo bafitanye, uwo muririmvyi yerekanye gushigikira kimwe mu bikorwa bibonekamwo Double Jay.

Ku rubuga rwa Instagram rw’uwitwa Yassin bizwi cane n’abarukurikirana ko ari umuntu wa hafi ya Big Fizzo, bamwe bo bakanibaza ko yoba ariwe nyene arukoresha, habonetse Statues ya Big Fizzo ya Whatsapp aho yasangije abazikurikirana Link y’indirimbo ya Alvin Smith yakoranye na Double Jay.

Ikintu catangaje kuri Iyo Statues, n’ukuntu habonetsemwo izina ry’umuntu umwe gusa, mu gihe ari indirimbo bakoze ari 2, uwabuzemwo akaba ari Double Jay bivugwa ko batarabana ryiza, ariko Habonekamwo mwene indirimbo ariwe Alvin Smith.

Ikindi nuko Ukwo kumushigikira gushobora kuba kubonetse mu gihe iyo ndirimbo ifashe iyindi ntambwe mu kuba mu za mbere zimaze gukwiza Views 100,000 mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe. Ariko ivyo bikaba bigoye kuko ata wuzi ryari neza neza iyo Link yashiriwe kuri Whatsapp ya Big Fizzo.

Ivyo kandi bikaba biruko mu gihe Mugani Desire azoboneka mu yindi ndirimbo mu misi ya Vuba, aho yafashije umuririmvyikazi Olga Lorries mu ndirimbo yiwe yise Affection. Iyo ikaba itazoba ibaye iya mbere bakoranye kuko bari bamaze gukorana indirimbo bise Me and You, yasohotse muri 2016.

Nayo Mugani akaba amaze imisi ariko akora iyindi EP nshasha inyuma ya za nkurikirane 2, hamwe n’amasanamu y’indirimbo zitari nke agize imisi ariko arakora, asangiza abantu hirya no hino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037