homepagemusic

Kuririmba amasaha menshi ntivyoroshe

Umuririmvyi asanzwe aririmba indirimbo mpimbazamana Dudu_T NIYUKURI kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04 Mukakaro 2024 yarishikiye mu  Burundi,akaba yiteze gukora igiteramo mpimbazamana kidasanzwe.

Mu gihe hasigaye iminsi itarenga itatu gusa kugira akore igiteramo ah YaYaYa Concert categuwe n’ishirahamwe Now Creative irongowe na Rasko gishobore kuba .

Inyuma yokwakirwa ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye, umuririmvyi Dudu T Niyukuri yaciye abandaniriza mu bwugamwo Green_Garden muri Conférence de presse arikumwe na Rasko asanzwe arongoye Now_Creative ishirahamwe risanzwe ririko riratunganya ico giteramo.

Bompi uko ari babiri batanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyeshamakuru bari muri ico kibanza mu ntumbero yokwishura ibibazo vyerekeye cane cane igiteramo.

Dudu T Niyukuri avuga y’uko intumbero nyamukuru y’ico giteramo ari mu ntumbero yokwigina iyo myaka itanu yose ihaciye ibikorwa yakoze (indirimbo) ko vyagize ico bimaze mu buzima bw’abantu, nogushimira Imana kuneza yama imukorera.

Ikibazo kijanye n’uko atabaririmvyi n’abamwe bazoba barikumwe mw’ico giteramo azoba ari we nyene yishuye ,avuga ko abazoza bazonezerwa kuko ngo we asanzwe abimenyereye kuririmba amasaha menshi kandi ko ariyo yasabwe n’abakunzi biwe.

Uwutunganije ico giteramo nawe akavuga ko itariki o7 ukwezi kwa Mukakaro  ko ari igitigiri yishimira cane kuko kivugwa cane mu gitabo ca bibiriya,akongera akanabatumirira kuzokwitaba ico giteramo ari benshi nakare ngo bari bamukumbuye .

Ku kijanye n’abamenyeshamakuru kuza gufata amasanamu muri ico giteramo kizoba k’umusi wa mungu Igenekerezo 7 uku kwezi nyene yavuze ko kwinjira kubamenyesha makuru ari k’ubuntu ariko batemerewe gufata Ikintu na kimwe we akemeza ko hari umurwi utegekanijwe kandi ubishoboye ko rero  uwuzokenera amasanamu azorondera uwo mugwi inyuma y’igiteramo.

Yarangije ashima abamufashe mumugongo n’abandi bazoza kumushigikira.

Inkuru yanditswe na Blaise Tuyisabe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691