homepage

Kuririmba Corona ntibiri mu migambi kuko atajana n’ibigezweho

Kuririmba Corona nta kamaro yabibonyemwo, ahubwo kubwiwe ngo yari kuririmba Ebola kuko yo yari yugarije abanyafrika cane.

Mu kiganiro n’imboneshakure za hano iwacu, Preeze yavuze ko abaririmvye kuri Corona ngo bashobora kuba bashaka kuvuga ku bigezweho, ariko we ngo siko ameze, kuko atajana n’ibigezweho. Nayo ku kibazo c’uko nawe azohava ahamvya abandi, akaba avuga ko ata mugambi abifisemwo, ahubwo ngo yari gutuma aririmba kuri Ebola.

“Gukora indirimbo za Corona twese twozikora, mugabo twese turazi ingene twoyikinga, abantu baramaze kubimenya ari benshi. So je muri gahunda sinokubesha ngo birimwo. Hariho abantu bashobora gukora ikintu bavuga bati kubera kino kintu kiri hit reka ndagikorereko, none kuberiki bariko bavuga Corona Cane, barazi yuko Ebola igihe yaza, hari indirimbo ya Ebola yigeze isohoka? Kubera? Kandi ariyo yari yugarije abanyafrika cane. Muga kubera Corona…. Muri Afrika sico kimwe no muri Europe, sivyo? Vyose it’s all about kumenya kwanza ic’iwawe gikuru, Ebola yaraje nta muntu yayiririmvye, mugabo corona Europe, USA, kubera iri Mediatisé vya hatari, umuntu wese yumva umengo ni ntuzeya, muga Ebola niyo novuga, ahubwo je nari kuririmba Ebola apana kuririmba Corona, …., abantu baririmvye Corona ni choice yabo kandi nta wobavuga ngo abajujinge, mugabo je sinjana n’ibintu biharawe.”

Muri ico kiganiro nyene akaba yaragarutse ku bamuriririmba, aho yavuze ko we ata mwanya afise wo kubishura kuko afise iyo ariko araja, kandi kubishura ngo kwoba ari ukwikura icubahiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686