footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

Kylian Mbappe araguma PSG canke arerekeza Real Madrid?

Kylian Mbappe ngo inzira ni imwe ni ukwerekeza i Madrid kwifatanya na bene Perez. Uko niko bibonwa n’abamenyeshamakuru batandukanye bo muri Espagne mu gihe urugamba ruremvye kugira hamenyekane umugwi azokinira. 

Real Madrid ngo yemereye uwo mukinyi amafaranga angana n’imiliyoni 40 z’ama Euro nk’agashimwe ashize umukono ku masezerano y’imyaka 6, umushahara ngo akazoba ari imiliyoni 21 z’ama Euro hamwe n’utundi dushimwe ku ruhande.

PSG nayo nyene ngo ikaba iticaye kubera iriko irategura amasezerano akomeye cane ngo azoshikirizwa uwo mukinyi kuva igenekerezo rya 1 nzero yidegemvya. Mu bivugwa ko yemerewe ngo harimwo agashahara kangana n’imiliyoni 40 z’ama Euro ku mwaka. Uwo mushahara ukaba uzoba uruta uwa Lionel Messi co kimwe n’uwa Neymar Junior.

Ubu impari zikaba ari zose ariko abantu babikurikiranira hafi bakaba babona ko uwo musore azokwemera ivya Real Madrid hako yemera kubandanya akinira PSG gushika muri 2024.

Uwo mugwi ukaba udakeneye uyo gusa, ahubwo ngo n’umumenyereza Zizou nawe akaba akenewe, n’aho nawe nyene bikigoye kugira hemezwe ko azomenyereza uwo mugwi n’aho ngo ibishobora kuba biriko biramwemererwa ari vyinshi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807