homepage

Lady gaga nawe yahambije abandi mu kwiyamiriza R Kelly

Kuba yarakoranye na R Kelly mu mwaka wa 2013, Lady gaga avuga ko bwabaye ubujuju, go iyaba yosubije inyuma umwanya yokurikije imapanuro bari bamuhaye.

Lady gaga nawe yahambije abandi mu kwihakana n’ugutunga urutoke R Kelly ku vyaha yagirizwa. Uwo mwigeme bakoranye indirimbo mu mwaka wa 2013, yanavuze ko iyo ndirimbo ishobora gukurwa ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe ziwudandaza.

Ivyo Lady gaga akaba abishikirije mu gihe yashizweko igitsure n’abatari bake mu bamukurikiranira hagufi, aho bamusaba kugira ico avuze kuri uwo muririmvyi. Aho kandi akaba yariko igitsure c’abagore n’abigeme bagiriza uwo muririmvyi kubakorera amabi atagira uko angana afatiye ku gitsina.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Cosmopolitain avuga ngo ico gihe iyo ndirimbo Do What U Want yasohoka, ngo harimwo bamwe muri abo bagore bagiriza R Kelly bari bamaze gukorerwa ayo mabi n’uwo mugabo. Ariko kandi ico gihe ngo Lady gaga nawe yari mu bihe bitoroshe.

Ico kinyamakuru kivuga ko Lady gaga nawe yari mu bihe yaheruka gufatwa ku nguvu, akaba arico gituma yashize ahabona irya ndirimbo ngo kugira yikure ibivumvuro nkuko bamwe bavyita. Ariko Lady gaga akaba yicuza kuba yarashimye gukorana na R Kelly, akavuga ko iyaba yosubije ibihe inyuma ngo yokurikiza impanuro bari bamuhaye zo kuja kuraba umuganga noneho akivuza.

Mwomenya ko muri USA hari amatohoza yuguruwe kugira hatohozwe ivy’ubwo bugizi bwa nabi yagirizwa, R Kelly. Ivyo bikaba vyaturutse kuri Reportage yakozwe aho abagore batari bake bashize ahabona ivyo bakorewe n’uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686