Entertainmenthomepage

Landry Promoter nubwo Imana yakinze aracafise ububabare bukomeye

 

Igenekerezo rya 20 Nzero 2023 niho yafashe urugendo yerekeza mu ntara ya Ngozi neza na neza kuruhororo aho yaraherekeje umuririmvyi Yan A avuka muriyo ntara ariko ubu akaba aba muri Zambia.

Bagishika muriyo Ntara umunezero wari wose narirya uwo muririmvyi hari haciye igihe kirekire adataha muhira.

I Ngozi bakiriwe n’aba taxi velo, aba motar isinzi ry’abantu barashika mu muryango i kiyago kiba umunoni.
Akaryoshe ngo ntigahora mw’itama baciye basezera bafata ingendeshwa yabo baramanuka.

Bagomba bashike i Bujumbura ingendeshwa yabo ikora agatebetebe inkuru iba ibaye iyindi

Landry Promoter, Yan A, umu chauffeur n’uwusanzwe abacungera umutekano, bibanje kugorana baca barashikanwa ku bitaro vy’abasirikare mu kamenge.

Abo bose ubu amagara yabo yifashe neza uretse Landry promoter ukuboko kwiwe no mukanwa abaganga bakiriko baramuvura, yamara amagara ntiyifashe neza
Kubakeneye Kuja kumusuhuza yatanze numero yiwe k’urubuga rwiwe Ni 69501648.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722