IKIRUNDI_news

Lionel Messi yagwaye inyuma y’ugutwara Ballon d’Or

Mu gihe aheruka gutahukana umupira w’inzahabu “Ballon d’or”, Lionel Messi ngo kuri uyu wa kabiri ntiyabonetse mu myimenyerezo y’’umugwi akinamwo PSG.

Ayo makuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya avuga ko uwo mukinyi ngo yoba yagize ikibazo co mu nda, bituma asiba igikorwa adakunze gusiba kiretse ivyo vyanse gose.

Kubera ingwara yagwaye, Gastro –enterite, ngo imikino uwo mugwi wimirije gukina, ngo birashoboka ko uwo mukinyi atazoboneka mu kibuga.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Neymar nawe agiriye isangaya ari mu rukino rwabahuje na Saint Etienne kuri uyu w’Imana, none akaba ashobora kuzomara indwi ziri hagati ya 6 na 8 atari mu kibuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036