IKIRUNDI_news

Lizer Classic ngo nta masezerano afitanye na WCB ya diamond Platnumz

Liser Classic ngo nta masezerano afise muri WCB, Ukwo kuri uwo muhinyanyuzi yakoreye igihe kitari gito hano iwacu yakuvugiye mu kiganiro yahaye imboneshakure Dizzim Online.

Muri ico kiganiro, uwo muhunyanyuzi aharurwa mu bakomeye muri Tanzania, yavuze ko ukwo ariko bigenda mu bijanye n’abahinyanyuzi aho bakora hose.

Uwo muhinyanyuzi akaba avuga ko uburyo bahembwa, atari buri kwezi ngo uhembwa aya, ariko ngo bahembwa bivanye n’ivyo baba bakoze.

Uwo muhinyanyuzi asanzwe akomoka muri Tanzania nyene akaba yabandanije avuga ko ishirahamwe ry’abahinyanyuzi bakoze muri Tanzania, bariko biruka kugira nabo babandanye baronka amafaranga ku ndirimbo baba bakoreye Beat nkuko umuririmvyi abandanya aronka amafaranga ku ndirimbo aba yaririmvye.

None mbega natwe hano iwacu niko bimeze muri Yama Label akomakomeye ya hano iwacu?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037