Abicishitse ku mbuga ngurukana bumenyi arerekana neza ko agiye gusohora indirimbo zitanu icarimwe kandi bititwa ngo ni Ep canke Album.
Yashoboye kuzikora n’abaririmvyi batandukanye nka Miss Erika, B face, Vichou n’abandi.
Ni ibintu tutari tumenyereye kubona ngo coming soon indirimbo 5, ni ikibazo jewe canke wewe dushobora kwibaza bizogenda gute?
Indundi Magazine twahavuye tumurondera kugira aduhe umuco:
Indundi Magazine: Hello iciyumviro co gusohorera indirimbo 5 icarimwe caje gute?
Lolilo: ni umugambi wanje niyumviriye uko nyene urabona benshi barasohora album canke double album canke Ep jewe nanje nashimye kuzisohora uko nyene,
Indundi Magazine: none zizoheza zisohokere ku musi umwe?
Lolilo:oya imwe imwe izoza irasohokera ku gihe cayo igikuru nashatse kumenyesha abakunzi banje ko zose ziri tayari,
Indundi Magazine: ni igiki ubona bizoca vyungura mu kazi kawe?
Ikibazo nticishuwe
twarangije tumushimira tumwipfuriza gukora yunguka na rirya amaze igihe kirekire umuziki yarawugize akazi.