East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Mama Samia Suluhu Hassan yavuze uburyo yafashwe n’aba Polisi

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, Mama Samia Suluhu Hassan, yavuze uburyo yafashwe n’aba Polisi baraba ivy’uruja n’uruza mw’ibarabara, bikabagora uburyo abava mu ntoke.

Uwo mukuru w’igihugu wa Mbere w’umukenyezi muri Africa y’ubuseruko, yabivugiye mu rubanza rwo guha impapuro z’umutsindo abapolisi bashasha b’ico gihugu bari barangije ivyirwa, aho yariko avuga ibibazo bimwe na bimwe abatwara imodoka bahurira navyo mw’ibarabara.

Mama Samia yavuze ko bamufashe bamufatiye ku birometero 15 vy’ibiro vya Polisi, bamufata kubera itara ry’inyuma ngo ryari ryapfuye, asaba imbabazi avuga ko azorikoresha bukeye kuko rishobora kuba ryapfiriye mu nzira, kuko yaravuye mu birori vy’ubugeni.

Umu Polisi ntiyamukundiye, ahubwo amutegeka ko bajana ku biro vyabo, nawe yemera ivyo abwiwe bafata urugendo rw’ivyo birometero 15. Uwamufashe avuniwe akagohe n’umwe mu bari ngaho amubwira uwariwe, noneho amubaza uwariwe, ico akora n’iyo yaravuye, noneho amubwira ko ashobora gufata urugendo agataha.

Mama Samia ngo ntiyemeye kubava imbere, ababwira ko ari nka hamwe agiye agahura n’abandi nabo bohava bamugarukana, gutyo abasaba ko bamuherekeza kugira bamushikane aho aba, ngo ku birometero 20 vy’aho bari, canke bakamwandikira kugira aronke ico yerekana. Abo bapolisi ngo bahavuye bahitamwo kumuherekeza.

Kuri ivyo vyamubayeko, Mama Samia akaba yaciye ahanura abo ba Polisi ko rimwe na rimwe abantu bakwiye gukoresha ubwenge mu ngingo baba bariko barafata. S’ivyo gusa kuko yanavuze ko amaze gufatwa akatari gake, ariko bakamurekura basanze bihenze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688