IKIRUNDI_news

Masterland ngo ntayaga amasigaracicaro, amafaranga agiye kuyatanga

Ni kuri rino genekerezo rya 15 kigarama 2021 aho Masterland yari yatumiye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha uko bizogenda mu giteramo ciwe citiriwe Nsomya challenge.

 

Nkuko yabivuze ngo ni muntumbero yo kumenyekanisha indirimbo yiwe inyengetere mu bantu, no guha agaciro abatamvyi nabo baronke aho bishikana biciye ku mpano yabo.

Kuva agisohora indirimbo yiwe Nsomya yarateye akamo uwo wese afise impano yo gutamba kw’atocikwa kw’ifata vidéo ariko aratamba indirimbo Nsomya ngwaheze ahiganwe n’abandi yironkere ibihumbi.

Beenshi baravyitabiriye ku buryo vyari binagoye gutora uwarushije uwundi.
Nubwo vyaruko ngo haburana babiri hagatsinda umwe.
Imirwi cumi yashitse mu gice canyuma yaramaze kumenyekana.

Ni kuri iyo mpamvu abahamagarira gusidukana n’iyonka mu kaza kw’irabira batatu bambere bazotorwamwo uwambere akazotahukana ibihumbi amajana tanu( 500.000fbu) uwakabiri ibihumbi amajana 300.000fbu n’uwagatatu ibihumbi 200.000fbu
Bikazobera kuri palais des arts igenekerezo rya 18 kigarama 2021 isaha icumi ( 16h)
Kw’injira ikazoba ari ibihumbi 3000 vy’amarundi n’ibihumbi 10000 muri VIP ukaroswa ibinyobwa bibiri bitangwa n’ishirahamwe rikora ibinyobwa rimushigikiye muri iryo higanwa n’inyuma yaho bazokorana vyinshi batarashima gushira ku mugaragaro.

Masterland azoba aherekejwe n’abaririmvyi nka Olegue,Momo Melody ,Treyzo,Rappy Boy Na DJ Israël…

abasaba kudasiba musangire akanyamuneza ko kurangiza umwaka.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037