homepage

Masterland ntabona kumwe n’abandi isohoka ry’indirimbo mu mpera y’umwaka

Masterland ntabona kumwe n’abandi isohoka ry’indirimbo ku mwisho w’umwaka. We akabona ko ari uguta umwanya, mu gihe abandi umengo bari mw’ihiganwa.

Indirimbo Nzobikora yifashe neza ku rubuga rwa YouTube rwa Masterland, ngo yarifisweko gahunda y’uyu mwaka wa 2019, apana uwa 2018. Ivyo Masterland akaba aheruka kubiyagira bagenzi bacu bakorera imboneshakure ikorera ku buhinga ngurukanabumemyi.

Muri ico kiganiro mushobora gusanga kuri YouTube, Masterland avuga ko impamvu atashimye kuyishira ahabona muri kwezi kw’12. Kubwiwe ngo umwaka uba urangiye, abantu baba abariko baraba ivyabaryoheye muri uwo mwaka ngo ntibaheza ngo biteho bishasha.

Masterland kandi avuga ko muri ico gihe c’umwaka, abantu ngo baba bitayeho imiryango yabo gusumba ibishasha biba biriko biraza muri iyo mpera y’umwaka.

Land ntagarukira ngaho, kuko abona ko rwoba ari uruhombo iyo ndirimbo iharuwe mu ndirimbo z’umwaka uba uheze. We akabona ko idaheza ngo ihabwe amahirwe akwiye, ariko isihotse umwaka utanguye ngo abantu bayitaho gusumba, kandi n’iyo abantu baba bariko baharura indirimbo uwo mwaka bayiha ayandi mahirwe.

Mukamenya ko ivyo ndirimbo mu ndwi 3 gusa imaze kurabwa incuro zirenga 33,000 ku rubuga rwa YouTube. Ikaba kandi iriko ikorerwe ihiganwa ry’ugutamba. Ugukurakuranamwo kukaba kwatanguye kuri uyu wa 27/1 kuri Fungus Bar, inzu imufashe mu mugongo muri iryo higanwa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686