homepage

Masterland yavuze kw’ishirwa ahabona ry’indirimbo yiwe nshasha

Mu gihe yaheruka kuyerekana ku mugaragaro, Masterland buca ashira kuri Youtube ako karirimbo kiwe gashasha.

Masterland ngo buca ashira ahabona indirimbo yiwe nshasha yise Nzobikora, iyo ngo ikazoshirwa ku rubuga rwa Youtube kuri uyu wa 4 igenekerezo rya 3 nzero, nkuko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook rukurikirwa n’abarenga 20,000.

Muri ubwo butumwa yatanze kuri uyu wa 3, Masterland akaba yanagiriyeko asaba ko abo bamukurikirana boba aba mbere bayiraba kandi bakanaba n’aba 1 bayiwiragiza hirya no hino, igashika kure.

Iyo ndirimbo ikaba ije ikurikira iyndi yise Rundimwo yashize ahabona haraheze amezi 4, ikaba imaze kurabwa n’abarenga 16,000 ku rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha. Ariko inyuma yaho akaba yarabonetse mu karirimbo Wagiye kare yafashije uwitwa Fat Drama.

Masterland akaba agiye kuyishira ahabona mu gihe mu ndwi iheze igenekerezo rya 26 kigarama 2018, yari yayerekanye ku mugaragaro mu kigo ndangamico c’abafaransa IFB ex CCF.    

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686