homepagesociete

Mbazumutima Henry yakiniye Intamba mu rugamba na Vital’o FC yitavye Imana

Umwe mu bakinyi ngenderwako b’Intamba mu rugamba mu myaka wa 2005 kuduga Mbazumutima Henry yitavye Imana .

Hanry akaba yitavye Imana biturutse kungwara yari amaranye imisi arwaye iyo asanzwe aba mu gihugu c’africa y’epfo .

Umwe mu Bagenzi biwe bari basanzwe babana mu gihugu ca Africa y’epfo mu gisagara ca Captown yabwiye indundi Sports y’uko uwo mukinyi bazomushingurana Iteka kwitongo ryabapfuye ryo muri ico gisagara ryitiriwe izina rya Kensington Maitland , ariko akaba yatubwiye y
y’uko bataramenya umusi bazomushingurana Iteka .

Henry akaba ari umwe mu bakinyi ngenderwako Uburundi bwigeze kugira mu myaka iheze .

Yigeze gukinira imigwi ikomeye ya hano iwacu nka Vital’o FC , Athletico Olympique, mugihe mu Rwanda yakiniye umugwi Rayon Sports wo mu gihugu c’Urwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684