homepagesociete

Basaba ko umugambi bemerewe w’ukubaha amazi meza woshirwa mu ngiro

Bamwe mu banyagihugu bo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura babona k’umugambi w’ukubaronsa amazi avuye mu masoko ari mu mitumba ihanamiye igisagara ca Bujumbura wemewe n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amasoko ntanganguvu wokwihutishwa.bavuga ko muri kino gihe bahangayikishijwe n’ikama ry’amazi ry’isubiriza,aho hari abashobora kumara ukwezi batabonye n’ima ry’amazi.ubushikiranganji bubijejwe bwemeza ko iryo teba ry’ishirwamungiro ryavuye ahanini kwibura ry’ibikoresho,ariko bukizeza ko mu gihe wotangura womara ukwezi kumwe gusa.

Abo banyagihugu bo murico gice c’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura bavuga ko hangayikishijwe n’ibura ry’amazi basigura ko rimwe na rimwe amazi akunda gukama murayo ma karatiye,aho hari hamwe bashobora kumara ikiringo kiri hagati y’indwi z’ibiri n’ukwezi ata n’ima ry’amazi babonye.abo banyagihugu bamenyesha ko baheza bakikora mu mazi atemba mu mimiserege,ayo nayo bavuga ko aba acafuye,ashobora n’ukubatera ingorane.ku mvo yiryo bura ry’amazi meza ,bibaza iyo iyo umugambi bamwe basiguriwe n’abajejwe intwaro y’ukubaronsa amazi avuye mu mu masoko ahanamiye igisagara ca Bujumbura wemewe n’ubushishikirangangi bw’amasoko ntanganguvu ugeze kugira umuti uboneke w’ico kibazo.

Abo banyagisagara bafise icizere ko mu gihe woshirwa mu ngiro hoba akarusho gafatiye ahanini ukutongera gukama kw’amazi murako gace n’agaciro kisununuye k’ibibanza vy’ukubakamwo kuko nkuko babisigura ,amwe mu ma karatiye yaho atirukirwa kubamwo kubera ubwo bukene bw’amazi buhibonekeza.
Babona nyabuna kuwo mugambi wokwihutisha,nayo kuvyo bosabwa boterera.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwemeza ko uwo mugambi watevye Kuja mu ngiro kubera ibikoresho.umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Félix Ngendabanyikwa ,mu kiganiro C’inzego z’abavugizi cabereye mu ntara ya Karusi mu mpera z’ukwezi kwa ntwarante uno mwaka ,yijejwe abarundi ko ivyo bikorwa bigiye gutangura,bikazomara ukwezi kumwe gusa.

Mu gusahiriza ayo mazi azova mu masoko ari mu misozi ihanamiye igisagara c’ubutunzi Bujumbura,uwo mutegetsi yamenyesheje ko hazotunganywa n’ ibindi bibanza muri karatiye Nyabugete,zone Kanyosha ,commune Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura,aho bizokwakira ayavuye mu kiyaga Tanganyika, naho atamenyesheje Igihe ibikorwa bizotangurirako.

N’inkuru yanditswe na Dieudonné Niyoyanzigamiye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684