homepage

Meghan yisiguye kw’ibura ry’Uburundi mu nyishu yatanze atorwa nka Miss Rwanda

Meghan ntabona kumwe ikibazo c’uko yoba yakoze n’ibigirankana gukuramwo Uburundi, aho yishura ku kibazo c’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko, mu gice ca nyuma c’ihiganwa Miss Rwanda.

Mu gihe umengo abarundi bamwe bamwe bakurikiraniye hagufi ivya Miss Rwanda, vyarababaje kuba Miss Rwanda 2019, Nimwiza Meghan, yoba yarakuyemwo Uburundi mu nyishu yatanze bamubaza ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, uwo mwigeme yahavuye yisigura.

Mu kiganiro Boda2Boda gica kuri nsamirizi KT radio ikorera I Kigali, uwo mwigeme w’imyaka 20, yavuze ko atabikoze nkana ahubwo ngo bwari ubwoba. Nkuko yabisobanuye ngo n’igihugu ca Sudan yavuze ngo sico kuko kitakibaho, ahubwo yari kuvuga Sudan y’amajepfo.

Uwo mwigeme atashimwe na bamwe yabandanije avuga ko atatinya abariko baramubaza, ahubwo ngo yagize ubwoba kubera abantu bari mu kibanza vyariko biberamwo. Ngo n’ikintu ataramenyereye bituma atabasha kuronka inyishu zitomoye ku bibazo yazwa.

Miss Nimwiza Meghan akaba yatowe mu gihe abantu benshi bipfuza Uwitwa Mwiseneza kuko ariwe yarashigikiwe na benshi mu babashije gutora bakoresheje ama Message. Iyo ikaba yabaye intandaro y’amajambo atari make kuko bamwe babona ko habonetsemwo akarenganyo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686