IKIRUNDI_news

Meili agiye gushira ahabona iyindi ndirimbo

Aheruka gushira ahabona indirimbo yiwe “Dukate” amasanamu y’iyo ndirimbo arasukuye vyaranatumye n’abamukurikirana bamutera intege ko yobandanya akora abishoboye.

Meili si mushasha muvyo kuririmba ahubwo ntiyaribwabihe umwanya wo gusohora indirimbo ziwe ku bwinshi yari amenyerewe mu muziki w’ikibiriraho(karaoké)
ariko ubu yafashe icemezo co gusohora indirimbo ziwe ku giti ciwe.

Igenekerezo rya 15 gitugutu 2021, ahamagarira abakunzi biwe kuza kuraba indirimbo yiwe azoshira ku mugaragaro
“Arabesha” vidéo& audio.
Tubibutse ko mu kiganiro twakoranye yavuze ngo aje ubutagisubira inyuma bamwitege.

Reka tumuhe ikaze na rirya azoba ari umwigeme yitanze muri uyu mwuga wo kuririmba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036