IKIRUNDI_news

Meili ahamagarira abaririmvyi gukunda abafana babo

Ni umuririmvyikazi ariko arakora kugira ibikorwa vyiwe bitere imbere yamara murazi ko intango igoye.

Ubu vuba aheruka gushira ahabona indirimbo yiwe “Arabesha” ikozwe k’ubuhinga bugezweho vyabereye kuri Arena club Aho yari ashigikiwe n’abaririmvyi bagenziwe nka R Flow ,Belle Nice ,Drama T, Emery Sun ….n’abandi. Uretse ko abaririmvyi bahishikiye, n’aba fana biwe ntibatanzwe.

Umunezero niwo yagaragaje mu kwandika amajambo meza ashimira abakurikirana ibikorwa vyiwe ko atari avyiteze ko bamwitayeho uko kwose ni ukuvuga urukundo bamwetse rwari rurarenze.

Yamara ntiyagarukirije aho abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yahamagariye n’abaririmvyi gukunda aba boss babo aribo bafana kubera urukundo babereka arirwo rubatera intege yo gukora akazi kabo neza aranibutsa abarundi gushigikira ivyabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037